Igisata na ONU cita ku magara y’abantu OMS kimenyesha ko ugufungura isukari birenze urugero arivyo bituma indwara y’ubuvyibuhe burenze irwiririrana.
OMS isaba ko amareta yotoza amatagisi arenze ku binyobwa birimwo isukari kugira bagabanye ababinywa kandi bagabanye ingaruka bitera.
Raporo nshasha iheruka gusohoka ivuga ko igice kirenga kimwe ca gatatu c’abakuze bari bafise ubuvyibuhe burenze urugero mu mwaka w’2014 mugihe abashika igice c’umuriyaridi aribo bavugwa ko vyabateye indwara.
Igiteye amakenga nuko abana bari musi y’imyaka itanu bashika imiliyoni 42 bavugwa ko aribo bafise iyo ndwara y’ubuvyibuhe burenze urugero mu mwaka uheze.
OMS itangaza ko Ubushinwa aribwo buza imbere mu bihugu bifise abanyagihugu bafise ubuvyibuhe burenze, ahavugwa abagabo bashika imiliyoni 43 n’abagore imiliyoni 46 z’abagore. Leta zunze ubumwe z’Amerika iza ubugira kabiri.