Harold Thomas Martin, umukozi akorera ibiro vy’igihugu bijejwe iperereza muri Amerika, mu mpfunyapfunyo, NSA, yarahagatitswe. Muri iki gihe ariko aratohozwa ku mpamvu zuko yatwaye amakuru akomeye y’ibanga ya Reta. Ivyo bitangazwa n’ubushikiranganji bujejwe ubtungane bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Harold Thomas Martin, afise imyaka mirongo itanu n’umwe muri iki gihe, aturuka mu gisagara ca Glen Burnie, muri Reta ya Maryland, yahagaritswe mu mpera z’ukwezi kw’umunani.
Itangazo ryashizwe ahabona ntirimenyesha ubwoko canke igitigiri c’amakuru y’ibanga yatwaye. Yamara iryo tangazo rimenyesha kw’inzandiko zitari nke zirimwo amakuru akomeye y’ibanga y’ibiro NSA, yatwaye mu mwaka w’i 2014.
Inyuma yuko ayo makuru asuzumwe, abajejwe itohoza basanze izo nzandiko zari iz’amabanga akomeye cane.
Ubushikiranganji bujejwe ubutungane, ntibutangaza ico, Martin, yakoresheje amakuru y’ibanga avurwa ko yasahuye. Ayo makuru yatowe i muhira iwe.
Niyo yagirwa n’icaha, ashobora kuzopfungwa mu kiringo kirenga umwaka, kubera yatwaye, akongera akanyegeza amakuru y’ibanga ya Reta atabifitiye ububasha, n’imyaka cumi mu munyororo, kubera gusahura inzandiko n’ibikoresho vya Reta.