Antonio Guterres, yahoze ari umushikikranganji wa mbere w’igihugu ca Portugal, yagenywe kuzoba umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu, O-N-U, azosubirira uwuhari muri iki gihe. Vyitezwe ko yemezwa icese mu musi iri imbere.
Inyuma y’incuro y’amatora yabaye, kur'uyu musi wa gatatu, mu kanama k’ishirahamwe O-N-U ijejwe kwubahiriza amahoro n’umutekano kw’isi, Antonio Guterres, yatsinze n’amajwi cumi n’atatu.
Ambasaderi bw’Uburusiya mw’ishirahamwe O-N-U, Vitaly Churkin, yatangaje ko bigaragara ko, Antonios Guterres, ariwe azoba umunyamabanga mukuru wa ONU mushasha.
Ivyo yabitangaje mu mabanga yiwe y’umuyobozi w’akanama k’ishirahamwe, O-N-U, kajejwe amahoro n’umutekano kw’isi.
Amenyesha ko bafashe ingingo y’ukugirisha amatora icese, ku musi wa kane, igihe c’isaha zinei zo mu gitondo. Atangaza ko bizeye kw’ata kibazo kizohaba.
Ejo ku musi wa kane, akanama k’ishirahamwe O-N-U kajejwe amahoro n’umutekano kw’isi, kazokwemeza icese ingingo y’uguhitamwo, Antonio Guterres mu matora.
Ako kanama kazoca karungikira iyo ngingo inama ya bose y’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, yitezwe kwemeza ata kibazo igenwa rya Guterres.