Uko wahagera

Burundi: Abakukuruke mu Gisirikare Basaba Gukomorezwa Amafranga Baziganirijwe


Uburundi kw'ikarata
Uburundi kw'ikarata

Mu myaka y’1900, niho abasirikare bari bageze mu za bukuru basaba ubushikiranganji begukira kubaziganiriza udufaranga two kuzobafasha muri kazoza. Ayo n’ayo yar’ay’iruhande y’ayo Reta yari isanzwe ibaziganiriza mw’ishirahamwe riziganiriza kazoza abakozi ba Leta, INSS, mu mpfunyapfunyo y’igifaransa.

Ivyo biri no mu gitabu c’integuro y’iryo tegeko co mu 1989, bikanemezwa na Mafunente Gaburiyeri arongoye ishirahamwe ry’abakukuruke mu gisirikare c’Uburundi.

Uwo arongoye rimwe mu mashirahamwe ry’abakukuruke mu gisirikare c’Uburundi ari no mu bageze mu za bukuru, aremeza ko iyo ntererano yatanzwe kuva mu 1991. We na bagenziwe bakukurutse mu gisirikare c’Uburundi ngo ntibazi iyo ayo mafaranga aja. Gaburiyeri Mafunente asaba ko ayo mafaranga baziganirizwa boyaronswa.

Nk’uko tubisoma mu cegeranyo c’integabizoza abo bakukuruke bategerezwa kuronswa kuva mu 1991 gushika muri 2013, bategerezwa kuronswa imiliyaridi zirenga 52 mu mafaranga y’amarundi.

Twakenye kw'iterefone indongozi z’ishirahamwe INSS, kugira zitange umuco kur’ico kibazo.

Umusi mpuzamakungu wagenewe abakukuruke ushitse mu Burundi hari abageze mu za bukuru bari mu bigo vy’abikorera utwabo, n’abandi batungiwe mu miryango.

Bafise ingorane nka bose zijanye no kwivuza. Bamwe mu barongoye amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu batera akamo Reta y’Uburundi gushiraho itegeko riha uburenganzira abo bageze mu za bukuru ryotuma bavugwa ku buntu.

I Bujumbura, Evariste Nzikobanyanka, Ijwi ry’Amerika.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:05 0:00

XS
SM
MD
LG