Uko wahagera

Liberiya: Imigambwe 12 Yashize Inguvu Hamwe


Imigambwe itavuga rumwe na Reta, mu gihugu ca Liberiya, yagiye hamwe kugira ihangane n’umugambwe uri ku butegetsi, Liberty Party, mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka w’i 2017. Ivyo vyatangajwe n’umusenateri, Prince Johnson, mu kiganiro n’Ijwi rya Amerika.

Amenyesha ko bashaka kubandanya mu nzira y’amahoro bafashe haraheze igihe. Avuga ko ata ruhagarara n’ubwicanyi bashaka kubona. Avuga ko bashaka guhura kugira baganire ukugene bashobora gukorera hamwe, kugira batume igihugu gitera kija imbere.

Ibwirizwa shingiro muri Liberiya, rirazirirza Perezida Ellen Johnson Sirleaf kurondera ikiringo kigira gatatu, yamara vyitezwe kw’icegera ciwe, Joseph Boakai, ahiganwa.

Ivyerekeye umukandida urunani rushaha rw’abatavuga rumwe na Reta bazoshira imbere, kugira abaserukira mu matora y’umukuru w’igihugu nyibitomoye.

Gushika ubu abateye igikumu ku masezerano y’ugushiraho urunani rw’abatavuga rumwe na Reta bemeye kudaterana amajambo. Ibindi ku kugene urwo runani ruzokora vyitezwe mu misi mirongo itandatu iri imbere.

Abandi banyepolitike bakomeye bari muri urwo runani, barimwo abanyepolitike, Charles Brumskine, Senateri, George Weah n’abarwizatunga, Benoni Urey, na Alexander Cummings.

Prince Johnson, avugako Reta ya Perezida Ellen Johnson Sirleaf itakoze ibihagije mu rugamba rw’ukurwanya ruswa.

XS
SM
MD
LG