Uko wahagera

Amerika Igabisha Gufatira Ibihano Sudani y'Ubumanuko


Leta zunze ubumwe z’Amerika imenyesha ko igiye gufatira ibihano ku birwanisho Sudani yo m’ubumanuko mugihe reta yokwanka irungikwa ry’inteko zo mu karere zoja gukingira abanyagihugu.

Sudani y'Ubumanuko yagirizwa kandi ko ibandanya kutorohereza ibikorwa vy’abakozi n’abasirikare ba ONU basanzwe bari mur’ico gihugu.

Umuhinga wa ONU kugihugu ca Sudani y’Ubumanuko, Luuk van de Vondervoort, yabwiye ijwi ry’Amerika ko Amerika aribwo buryo yakoresheje kugira reta yemere gusinya amasezerano y’amahoro n’abayirwanya.

Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu amaze imyaka irenga ibiri asaba amakungu gufatira Sudani y’ubumanuko ibihano vy’ibirwanisho.

Intambara muri Sudani yo m’ubumanuko imaze guhitana ibihumbi vy’abanyagihugu kuva mu mwaka w’2013, ikura muzabo abarenga imiliyoni zibiri.

Nayo amashirahamwe atanga imfashanyo ku banyagihugu aragabisha ko abanyagihugu bashobora kwicwa n’inzara mugihe atacokorwa mu maguru masha

XS
SM
MD
LG