Uko wahagera

Amerika Izaha Isirayeli Miliyaridi 38 z'Amadolari ku Mwaka


Icegera ca sekreteri wa reta Tom Shannon (iburyo) na Jacob Nagel umuhanuzi muvy'umutekano muri Isirayeli bariko basinya amasezerano
Icegera ca sekreteri wa reta Tom Shannon (iburyo) na Jacob Nagel umuhanuzi muvy'umutekano muri Isirayeli bariko basinya amasezerano

Leta zunze ubumwe z’Amerika na Isirayeli barateye umukono kuwa gatatu ku masezerano yo gufashanya muvya gisirikare mu kiringo c’imyaka cumi.

Urwandiko rw’ayo masezerano ruvuga ko Amerika igiye guha Isirayeli imiriyaridi 38 z’amadolari kuva mu mwaka w’2019 gushika mu mwaka w’2028.

Arimwo kandi izindi miliyoni 500 z’amadolari ziyongera kur’ayo azoza arahabwa Isirayeli buri mwaka yo kugifasha mubijanye na misile yo kwikingira.

Mwomenya ko ayo masezerano yar’amaze amezi atari make aganirwako kandi ko Isirayeli cayahawe ar’uko cemeye kuzoca kigura ibirwanisho bikorewe muri Leta zunze ubumwe z’Amerika.

Perezida Barack Obama w’Amerika yatangaje ko ayo masezerano ar’icemeza ko Amerika ar’umugenzi wa Isirayeli.

XS
SM
MD
LG