Uko wahagera

Aleksander Ceferin Niwe Muyobozi Mushasha wa UEFA


Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu karere k’i Bulaya, mu mpfunyapfunyo, UEFA, ryatoye uno musi ku wa gatatu n’amajwi mirongo ine n’abiri kuri cumi n’atatu, Umunyesloveniya, Aleksander Ceferin, kuba umuyobozi mushasha w’iryo shirahamwe.

Ceferin, azosubirira Michel Platini, wo mu gihugu c’Ubufransa, yazirirjwe gukora imirimo iyariyo yose y’umupira w’amaguru, mu kiringo c’imyaka ine, mu kwezi kwa gatanu, kubera yarenze ku vyerekeye ukwigenza neza, mu mabanga yari ajejwe.

Ceferin, yatsinze, Michael van Praag, yari icegera c’umuyobozi w’ishirahamwe UEFA. Azorangiza ikiringo ca Michel Platini, gushika mu mwaka wi 2019.

Ceferin, avuga kw’ari iteka n’amabanga akomeye cane. Amenyesha ko kugenwa kuyobora ishirahamwe UEFA bifise insiguro ikomeye kuriwe. Atangaza kw’igihugu ciwe ca Sloveniya cishimiye cane ugutorwa kwiwe mu mabanga y’ukuyobora ishirahamwe UEFA.

Imbere yuko agenwa muri ayo mabanga, Aleksander Ceferin, afise imyaka mirongo ine n’umunani, yari ayoboye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ry’igihugu ca Sloveniya. Ntiyigeze ashingwa amabanga mu murwi nshingwabikorwa w’ishirahamwe UEFA.

XS
SM
MD
LG