Ibiro vy’Umukuru w’Igihugu ca Reta Zunze UBumwe za Amerika biremeza ko, uwahoze ar’umuvugizi wa Reta ya Kisilamu, ari nawe yarajejwe gutunganya ibitero vy’uwo mugwi, Abu Muhammad Al-Adnani, yagandaguwe mu kwezi guheze.
Mw’itangazo ryasohowe, kur’uyu wa mbere, n’umuvugizi w’igisirikare ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Peter Cook, rimenyesha ko igitero cabaye kw’itariki ya 30 z’ukwezi kw’8, arico cahitanye Al-Adnani, yar’azwi kw’izina rya Al-Bab.
Igisirikare ca Amerika kimenyesha ko Al-Adnani yaramaze gukora ibitero bitari bike mu bihugu vy’Ububirigi, Ubufaransa, Turukiya, Bangladesh, ibitero yakoze ku ndege, ibitero vyahitanye abantu bashika ku 1.800, abashika ku 4.000 bagakomereka.
Al-Adnani yarafise imyaka 39, yari yavukiye mu gihugu ca Siriya. Yabanje gukorera umuhari al-Qaida imbere y’uko yinjira muri Reta ya Kisilamu. Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, ryari ryaramufatiye ibihano bijanye n’amafaranga, inyuma y’aho ritangarije kw’ari we yarayoboye Reta ya Kisilamu muri Siriya, akongera akanayobora ibitero vy’iterabwoba.
Reta Zunze Ubumwe za Amerika yari yatanze amafaranga agera ku miliyoni zitanu z’amadolari, kugira ironke amakuru y’uburyo Al-Adnani yofatwa.