Uko wahagera

Ubudagi Bwafashe Batatu Bakekwaho Iterabwoba.


Ubutegetsi bw'Ubudagi bumenyesha ko bwafashe abagabo batatu bikekwa kuba ar’abanywanyi ba Reta ya Kisilamu, barunugitswe mu mwaka uheze.

Umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu, Thomas Maiziere, amenyesha ko abo bagabo baciye baca bafatigwa mu buraruko bw’Ubudagi.

Maiziere avuga kandi ko bagabo bakoresheje impapuro z’ingendo zimwe, kandi za magendu, zakorewe mu gihugu ca Siriya. Bamwe mur’abo boba bari mu bakoze ibitero vy’iterabwoba, i Paris mu gihugu c’Ubufaransa. Abasirikare baharugwa ku 200 nibo baranguye igikorwa co gufata abo bagabo.

Abimukira bashika ku muliyoni bamaze kwinjira mu Budagi kuva mu mwaka uheze. Ivyatumye haba uruhagarara mu Budagi, inyuma y’aho habereye ibitero vy’abihevyi bishika kuri bitatu, vyakozwe n’abimukira, bibiri mur’ivyo bikaba vyaremanzwe na Reta ya Kisilamu.

XS
SM
MD
LG