Uko wahagera

Afirika Ku Guhagarika Urwaruka Ruhurumbira Ibisagara


Isoko yo k'umurwa mukuru Lagos muri Nijeriya
Isoko yo k'umurwa mukuru Lagos muri Nijeriya

Intumwa ziserukira ibihugu 30 vy'Afirika zari zimaze indwi mu nama yar’igamije kwiga uburyo bohagarika urwaruka rwo mu gihugu hagati ruhurumbira ibisagara.

Ni mu nama yar’ifise icivugo co gutez’imbere intara zo mu gihugu hagati mu bihugu vy’Afirika yabereye I Yaounde k’umurwa mukuru wa Kameruni.

Abahinga 30 bava mu bihugu vy’Afirika barashitse ku masezerano yiswe “Amasezerano y’I Yaounde”, ahamagarira umugabane w’Afirika gushira uburyo bw’amafaranga mu migambi itez’imbere intara zo hagati zisigaye ata rwaruka ruzirangwamwo.

Umukuru w’uwo mugambi wo gutez’imbere Afirika, Estherine Fotabong, atangaza ko amareta y’Afirika akwiye gushiraho politike zorohereza abikorera utwabo hamwe n’amashirahamwe ya sosiyete sivile.

Ayo masezerano y’I Yaoundé atera akamo abakuru b’ibihugu vya Afrika gufasha mw’ishirwa mu ngiro ry’imigambi yashizweho kugira bahagarike urwaruka rufata inzira zigoye cane baja k’umugabane wa Bulayi kuronderayo ubundi buzima.

XS
SM
MD
LG