Uko wahagera

Clinton: Kwica Abu Bakar al-Bagdhadi Coba Igikorwa Nyamukuru


Hillary Clinton
Hillary Clinton

Umukandida w’umudemokrate, Hillary Clinton yateye akamo Reta Zunze Ubumwe za Amerika,ko zozogira guhiga umutegetsi mukuru wa Reta ya Kiyislamu, Abu Bakr al-Bagdhadi, igikorwa nyamukuru, nkuko vyagenze igihe Amerika yica uwari yashinze umurwi al-Qaida, Osama Bin Laden mu gitero mu gihugu ca Pakistani mu mwaka w’i 2011.

Hillary Clinton avuga ko kwica al-Bagdhadi bizosaba akigoro gakomeye cane. Ivyo yabibwiye abamenyeshamakuru muri Reta ya New York. Aremera ko kwica al-Bagdhadi vyorungika ubutumwa bukomeye kw’ata numwe ashobora guteragura canke kuyobora ibitero kuri Amerika ngo vyijane.

Yarifatiye mu gahanga uwo bahiganwa, umurepublika, Donald Trump, ku kugene yavyifashemwo mw’ikoraniro ryacishijwe kuri televiziyo ku musi wa gatatu aho abo bakandida bompi uko ari babiri bishuye umwe umwe wese ukwiwe ibibazo vyerekeye ukwivuna abansi, n’umutekano w’igihugu.

Hillary Clinton yavuzeko Donald Trump yasubiye kandi kunanirwa kwerekana ko afise ibisabwa kugira abe umukuru w’igihugu.

Hillary Clinton avugako Trump yavuze nabi Abasirikare bakuru b’abajerenali b’Abanyamerika.

XS
SM
MD
LG