Uko wahagera

Ipfubwa rya Perezida Islam Karimov wa Uzbekistan


Perezida Islam Karimov, wa Uzbekistan, yarapfubanwa iteka, k'umusi wa gatandatu mw’itongo ry’abapfuye riri mu ntara ya Samarkand, intara yamukamwo.

Perezida Karimov, yitavy’Imana afise imyaka 78, akaba ari nawe yarongoye Igihugu ca Uzbekistan kuva cikukira, kikava muri Union Sovietique, mu mwaka w’1991.

Itangazo ryasohotse rivuga ko Perezida Islam Karimov yitavy’Imana rikaba ritavuze uwuca amusubirira mu mabanga. Yamara Ibwirizwa Shingiro rivuga k’Umukuru w’Inama Nkeguzamateka ariwe aheza agaca aba aramusubiriye vy’agateganyo.

Umwe mu bategetsi bakuru mw’Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, Amnesty International, yatangaje avuga ko ata cizere afise c’uko Reta ya Uzbekistan izohindura ibintu, mu guhagarika guhohotera ubuzima bw’abo batavuga rumwe, ari navyo vyaranze intwaro ya Perezida Islam Karimov.

Abategetsi batari bake bakaba bamaze kurungika ubutumwa bwo guhoza umuryango n’abanyagihugu, harimwo Perezida Barack Obama, wa Leta zunze Ubumwe z'Amerika, hamwe na Perezida Vladimir Poutine w’Uburusiya.

XS
SM
MD
LG