Uko wahagera

Philipine: Igisasu cahitanye Abashika 10


Abapolisi bariko baraba ibiziga vyahitanwe n'igisasu mu gisagara ca Davao kiri mu bumanuko bwa Philipine.
Abapolisi bariko baraba ibiziga vyahitanwe n'igisasu mu gisagara ca Davao kiri mu bumanuko bwa Philipine.

Muri Philippine abantu bashika cumi barishwe abandi batari bake barakomeretswa n’igisasu caturikiye mw’isoko yo mu gisagara c’amavuko ca Perezida Duterte k’umusi wa gatanu.

Icaturikije ico gisasu ntikiramanyekana. Igihe caturika perezida Duterte yari mur’ico gisagara ariko gushik’ubu ntaco arashikiriza.

Caturikiye m’uruhande rw’isoko rwegereye Ihoteli Duterte akunda gushikiramwo agendeye ico gisagara.

Perezida Duterte yarigeze kuba umukuru w’ico gisagara ca Davao mu kiringo c’imyaka 22, imbere yuko atorwa kurongora igihugu m’ukwezi kwa gatandatu.

XS
SM
MD
LG