Uko wahagera

Mbonimpa Yahawe Agashimwe Kitiriwe Alison Des Forges


Petero Claver Mbonimpa yerekanye ukwitanga atadohoka, ku bijanye n’agateka ka muntu.
Petero Claver Mbonimpa yerekanye ukwitanga atadohoka, ku bijanye n’agateka ka muntu.

Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu kw’isi, Human Rights Watch, ryahaye Petero Claver Mbonimpa agashimwe kitiriwe, Alison Des Forges.

Ako gashimwe gatera iteka abantu bitanga ku buryo bashobora kuhasiga ubuzima, ku vyerekeye gukingira agateka, n’uburenganzira bw’abandi.

Itangazo rya Human Rights Watch rivuga ko Petero Claver Mbonimpa yerekanye ukwitanga atadohoka, ku bijanye n’agateka ka muntu.

"N’umwe mu bantu bakomeye baharanira agateka ka muntu mu Burundi.”

Mbonimpa arongoye APRODH, Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu n’agateka k’abanyororo mu Burundi.

Petero Claver Mbonimpa, yaravugiye bikomeye akatari gake, abantu bapfunzwe mu buryo budasobanutse, wenyene ubwiwe yarapfunzwe, mu mwaka w’i 2014, inyuma yuko yiyamirije iryozwa ritandukanye ry’agateka ka muntu.

Mu kiganiro n’Iradiyo Ijwi ry’Amerika Mbonimpa avuga kw’anezerewe kubona yatahukanye agashimwe kitiriwe Alison Des Forges, gatangwa n’Ishirahamwe Human Rights Watch.

Human Rights Watch ibandanya ivuga ko igikorwa ciwe catumye atotezwa. Mu mwaka w’i 2015, yararusimvye ku bashaka kumugandagura, bavurwa ko ari abakora mu nzego z’iperereza za Reta y’Ubzurundi.

Inyuma yuko arusimvye, Mbonimpa, yajanywe i Bulaya kwivuza. Buhoro buhoro yarasubiye kuronka inguvu. Akaba abandanya urugamba rwiwe rw’uguharanira uburengenzira bw’Abarundi bose, ari mu buhingiro mu gihugu c’Ububiligi.

Ishirahamwe, Human Rights Watch, ryateye iteka, Mbonimpa, kubera ubutwari bwiwe budasaznwe, mu guharanira agateka ka muntu.

XS
SM
MD
LG