Uko wahagera

BURUNDI: ONUIratewe Amakenga N'Amajambo Yashikirijwe


Richard Ciramunda
Richard Ciramunda

Umuhanuzi adasanzwe w’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U ajejwe kwamira ihonyabwoko, Adama Dieng, yaratangaje kw’afise impungenge ku majambo yavuze kw’ aturira y’abategetsi mu Burundi, ashobora gutuma haba ubwicanyi.

Dieng yavuze kw’ayo majambo yavuze ko yatangajwe n’ abategetsi barimwo, Pascal Nyabenda, umukuru w’inama nshingamateka, ahurikiye mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD.

Dieng yavuze ko mw’itangazo ryasohowe kw’italiki cumi na zitandatu y’ukwezi kw’umunani, umwaka w’ 2016 ryashizwe ku kibanza ngurukanabumenyi c’umugambwe CNDD-FDD, Pascal Nyabenda ico gihe yar’ arongoye uwo mugambwe, akongera akaba umukuru w’inama nshingamateka, yaratangaje kw’ihonyabwoko mu Rwanda ryar’ irementanya ry’amakungu ryakoreshejwe kugira rikure Reta y’Abahutu yari ku butegetsi mu Rwanda, ico gihe.

Dieng, yavuze kandi kw’ ivyatangajwe na Nyabenda bishobora kubonwa nk’uguhakana ihonyabwoko, kandi ko bishobora gutuma haba umwuka mubi hagati y’ubwoko, haba mu Burundi canke hanze y’imbibe z’igihugu.

Mu kiganiro cacu Murisanga, twarahaye ijambo abashingantahe babiri bakwirikiranira hafi politike yo mu Burundu kugira ngo baduhe ivyiyumviro vyabo kur’ico cuka kibi kiri mu Burundi hamwe no ku bintu abategetsi batandukanye bavuga ko bishobora kuvamwo ubwicanyi bufatiye ku bwoko: Abo bashingantahe nabo ni Richard Ciramunda, umukuru w’ikinyamakuru gicisha amakuru ku buhinga ngurukanabumenyi hamwe na Ferdinand Ndayiragije ari mw’ishirahamwe AC Genocide, rijejwe kwamirira kure ihonyabwoko:

Reka dutangure twumviriza Richard Ciramunda atubwira ukunut aboba ibintu vyifashe mu Burundi.

please wait

No media source currently available

0:00 0:58:15 0:00

XS
SM
MD
LG