Uko wahagera

USA: Donald Trump Yagendeye Mexique


Umukandida Donald Trump
Umukandida Donald Trump

Umukandida w’Umurepublika, Donald Trump, na perezida w’igihugu ca Mexique, Enrique Pena Nieto, bagiranye ibiganiro ku murwa mukuru, Mexico City, ku musi wa gatatu.

Trump, yatangaje kw’urugendo rwiwe rwerekana ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Mexique bifitaniye akamaro vyompi.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru inyuma y’uko babonanye, perezida Pena Nieto, yatangaje kw’imigenderanire hagati ya Amerika n’igihugu ciwe, yotegerezwa gufatira ku kwubahana hagati y’ibihugu vyompi.

Donald Trump yarifatiye mu gahanga igihugu ca Mexique mu kiringo c’umwaka.

Donald Trump, yarambitse iceyi igihugu ca Mexique, mu kuvuga ko kirungika muri Amerika, abimukira b’inkozi z’ikibi, n’abafata abapfasoni ku nguvu, kandi kw’abo bimukira batwara ubuzi bw’Abanyamerika.

Trump, yatsinze amajwi y’imiliyoni y’Abanyamerika bo mu mugambwe w’Abarepublika bamushigikiye, igihe yatera akamo k’ukwubaka uruhome ku rubibe hagati ya Amerika na Mexique, rugenewe gutuma abandi bimukira kuza kugerera, mu muryo budaciye mu mategeko, muri Amerika. Yatangaje kandi kw’igihugu ca Mexique kiziroha amafaranga azoba yakoreshejwe mu kwubaka urwo ruhome. Yamara perezida wa Mexique, Enrique Pena Nieto, yariyamirije ico ciyumviro.

Perezida, Pena Nieto, yatangaje ko we na Donald Trump, bagiranye ibiganiro vyubaka. Amenyesha ako yabwiye Trump, kw’abanyamexike baba muri Amerika batanga intererano, mu buryo bwinshi, ko atari inkozi z’ikibi kandi bakora bakuye amaboko mu mpuzu.

Trump, nawe ku ruhande rwiwe, yatangaje ko yubaha Abanyamerika bakomoka muri Mexique, baba mu gihugu. Kw’ari abantu batarera amaboko.

Yamara yateye akamo kuko ukuza kugerera muri Amerika, mu buryo budaciye mu mategeko, kw’abantu bavuye muri Mexique, canke mu bindi bice, bitegerezwa guhagarara.

Yantangaje kw’uruhande rwose rufise uburenganzira bw’ukwubaka uruhome ku

XS
SM
MD
LG