Uko wahagera

Burundi: Barasaba ko Ibiringo vy'Umukuru w'Igihugu Vyokurwaho


Abagize umugwi w'igihugu ujejwe gutunganya ibiganiro hagati y'abarundi CNDI
Abagize umugwi w'igihugu ujejwe gutunganya ibiganiro hagati y'abarundi CNDI

Umugwi w'igihugu ujejwe gutunganya ibiganiro hagati y'abarundi CNDI wamenyesheje bimwe muvyiyumviro abarundi batanze mu kiringo c'amezi atandu umaze ushinzwe. Hakaba harimwo ko ibiringo vyokurwaho mu kibanza c'umukuru w'igihugu akitoza incuro nyinshi zishoboka.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, umukuru wa CNDI Musenyeri Justin Nzoyisaba yasiguye ko baba abagize amahirwe yo gushikiriza ivyiyumviro mu kubivuga canke abanditse gusa babikoze bose babanje kubicisha mu nyandiko.

Umugwi w’igihugu ujejwe gutunganya ibiganiro hagati y’abarundi wemeza ko wumvirije wongera wakira ivyifuzo vy’imigwi itandukanye. Muriyo harimwo urwaruka, abanyamigambwe, abaserukira amashirahamwe atandukanye, amadini n’amashengero.

Umugwi w’igihugu ujejwe gutunganya ibiganiro hagati y’abarundi CNDI washinzwe haraheze amezi atandatu. Ugishirwaho warufise ikiringo c’amezi atandatu nyene.

Nk’uko itegeko riwugenga rivuga ko uwo mugwi ushobora kongerwa ikiringo bikenewe. Ivyo vyaramaze gukorwa. Musenyeri Justin Nzoyisaba amenyesha ko umugwi arongoye wongewe ikindi kiringo c’amezi atandatu nyene.

Murico kiringo uwo mugwi ukaba utegekanya kuja gutunganiriza ibikorwa i Bruxelles mu gihugu c’Ububiligi. Ni mu ntumbero yo kumviriza abarundi bari hanze y’igihugu.

Umukuru wa CNDI yemeza ko n’abanyepolitike batavuga rumwe na Leta harimwo abari batunganijwe imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca Perezida Nkurunziza nabo nyene batazokumirwa murivyo biganiro.

Umugwi w’igihugu ujejwe ibiganiro ugizwe n’abantu cumi na batanu. Abakenyezi ni batanu, abagabo cumi. Muribo abava mu bwoko bw’abahutu n’icenda, abatutsi batanu n’umutwakazi umwe. Eloge Willy KANEZA, Bujumbura, Ijwi rya Amerika.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:39 0:00

XS
SM
MD
LG