Uko wahagera

John Kerry Aragendera Nijeriya Mu ndwi Iza


Sekreteri wa reta w'Amerika, John Kerry
Sekreteri wa reta w'Amerika, John Kerry

Sekreteri wa reta wa Leta zunze ubumwe z’Amerika, John Kerry ategekanya kugengera ibihugu vya Nijeriya na Arabiya Sawudite mu ndwi iza aho azoba agiye kuganira n'abategetsi bavyo ibibazo biri mur’ako karere.

Ivyo vyashikirijwe n’umuvugizi wa deparotema ya Leta y’Amerika, John Kirby kuwa kane. Kerry azobanza kuja muri Nijeriya kandi abonane na Perezida Muhammadu Buhari aho bazoganira kw’iterabwoba riterwa na Boko Haram mur’ico gihugu.

Kerry na Buhari bazoganira kandi kubibazo vy’ubutunzi hamwe n’ivy’agateka kazina muntu.

Inyuma y’aho, Kerry azoca aja muri Arabiya Sawudite aho azobonana n’umukuru w’ico gihugu hamwe n’abakuru b'ibihugu vyo mu kigobe c’abarabu aho bazoganira ku ntambara iriko ibera muri Yemeni.

XS
SM
MD
LG