Uko wahagera

Imigambi ya Trump y'Ugutsinda Reta ya Kiyislamu


Donald Trump na Hillary Clinton
Donald Trump na Hillary Clinton

Umukandida w’Umurepublika, Donald Trump, yashikirije, ku musi wa mbere, imigambi yiwe igenewe kuzimanganya Reta ya Kiyislamu, n’iyindi mirwi y’iterabwoba.

Mw’ijambo yashikirije, muri Reta ya Ohio, yamenyesheje ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zikeneye gukorana n’igihugu icarico cose, umuntu ataravye amatati cagiranye na Amerika muri kahise, gishaka gustinda iterabwoba ry’intagondwa z’Abayislamu.

Yamemnyesheje ko Reya ya Kiyislamu yakomeye, kubera bimigambi yo hanze y’igihugu yashizwe imbere na perezida Obama, hamwe na, Hillary Clinton, yari umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’amahanga.

Ijambo rya, Donald Trump, rishimikiye ku vyerekeye gutsinda intagondwa za Reta ya Kiyislamu, rije imisi mikeyi inyuma yuko atangaje mu buryo budaciye mu kuri, ko perezida wa Amerika, Barack Obama, n’uwo bahiganwa, Umudemokarate Hillary Clinton, aribo bashizeho Reta ya Kiyislamu. Yaranebaguwe cane kuvyo yatangaje ku vyerekeye perezida Obama na Hillary Clinton. Mu nyuma yaho yamenyesheje ko yariko atera ibinanga.

Donald Trump, yashikirije kandi imigambi y’ugutunganya gushasha imigambi yerekeye abimukira muri Amerika.

Hillary Clinton, yiyamamaje ejo ku musi wa mbere mu gisagara ca Scranton, muri Reta ya Pennsylvaniya, ari kumwe n’icegera ca perezida wa Amerika, Joe Biden.

Joe Biden, yavukiye mu gisagara ca Scranton.

XS
SM
MD
LG