Uko wahagera

Siriya: ONU Itegeka ko Intambara Zihagarara Bidatevye


Ishirahamwe mpuzamakungu ONU risaba ko intambara ziriko zibera mu gisagara ca Aleppo muri Siriya zihagarara bidatevye.

ONU yatangaje kur’uyu wa kabiri ko abanyagihugu barenga imiliyoni zibiri bari mu kangaratete aho batagira amazi canke umuyagankuba.

Mugihe abarwanya reta ya Siriya babandanya gusagiriza abasirikare ba reta muri Aleppo, abakora muvy’amagara y’abantu babwiye abadiplomate ba ONU ejo kuwa mbere ko ico gisagara gisigaye ar’umusaka.

K’umusi wa mbere kandi abategetsi b’igisata ca ONU kijejwe gutanga imfashanyo basavye ko imigwano yohagarara kugira babashe gukora amazi hamwe n’umuyagankuba vyasambuwe n’imigwano yabaye mu ndwi iheze.

Nawe ambasaderi aserukira Amerika muri ONU, Samantha Power yashikirije ko afise amakenga k’urugero izo ntambara zigezeko, mu kuvuga ko n’aho babandanya barwana ata n’umwe mu mpande zishamiranye agiye gutsinda mur’ico gisagara ca Aleppo.

Amenyesha ko uko intambara zibandanya ariko abasivile biyongera kwugarizwa hagati y’imishamirano kandi babandanya kugira ingaruka mbi zirenze urugero.

XS
SM
MD
LG