Uko wahagera

Afganistani: Abanyamahanga Babili Banyurujwe


Muri Afganistani, abantu bataramenyekana bitwaje ibirwanisho baranyuruje abanyamahanga babiri bavugwa ko boba ar’umunyamerika n’umunyaustraliya k’umurwa mukuru Kabul w’Afganistani.

Abo banyurujwe mw’ijoro ryo k’umusi wa mungu bavugwa ko bar’abigisha muri kaminuza y’abanyamerika muri Afghanistani.

Umutegetsi w’igipolisi I Kabul atashimye kwivuga izina yabwiye Ijwi ry’Amerika serevise y’Afganistani ko abantu biyoberanije biyambika imyambaro y’abajejwe umutekano baca baranyuruza abo banyamahanga.

Deparotema ya reta ya Leta zunze ubumwe z’Amerika yamenyesheje ko yamenye ko har’umunyamerika yanyurujwe I Kabul ariko nta yandi makuru arenz’aho yashikirije.

Reta ya Australiya nayo nyene yatangaje ko har’umunyagihugu wayo yanyurujwe.
Igipolisi c’ I Kabul catanguje amatohoza kandi catanguye kurondera n’abo bantu.

XS
SM
MD
LG