Uko wahagera

USA: Clinton na Trump Bahanganye mu Magambo


Muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, umukandida w’Abarepublikani, Donald Trump, yavugiye mw’ikoraniro, kur’uyu wa gatandatu, muri reta ya New Hampshire, mu buraruko bwa Amerika. Yumvikanishije ko Hillary Clinton, umukandida w’aba demokrate ashobora kuba afise ingorane zo mu mutwe.

Ivyo Donald Trump, akaba yabivuze aho yariko arishura ku kibazo kijanye n’ibirego biri kuri Hillary Clinton, bivuga ko yakoresheje mu buryo butaribwo ibikoresho vy’umutekano hamwe n’amabaruwa y’akazi. Ni igihe y’ari Umushikiranganji w’imigenderanire ya Reta n’ayandi makungu, kuva mu mwaka w’2009 gushika mu mwaka w’2013.

Ibiharuro biheruka gusohoka aho muri New Hampshire, vyerekana ko mur’iki gihe hasigaye amezi atatu ngw’amatora y’umukuru w’igihugu abe, Hillary Clinton Arusha amanota 15 kw’ijana umukandida Donald Trump.

Hillary Clinton akaba atatanze urutonde gw’imyiyamamazo yiwe, igihe aheruka mu myiyamamazo yakoreye mu ntara ya Floride hamwe n’Igisagara ca New York.

Ibiharuro bitangwa n’amashirahamwe asanwe akora ivyigwa vyo kumenya amanota abakandida bafise, vyerekana k’umukandida w’aba demokrate, Hillary Clinton, arusha amanota umukandida Donald Trump w’aba Republicani.

Ukutumvikana kuri m’umugambwe w’aba Republikani, n’imishamirano y’umukandida wabo, Donald Trump, kubijanye n’abavyeyi b’aba isilamu baburiye umwana wabo yar’umusirikare wa Amerika, mu ntambara ya Iraki, vyahaye amahirwe Hillary Clinton, mu ndwi iheze.

XS
SM
MD
LG