Uko wahagera

Somaliya: Igitero cya Gerenade ku Mushikiranganji


Ku mugwa mukuru wa Somaliya, I Mogadiscio, hatewe gerenade ku mudoka y’umushikiranganji w’ugwaruka n’inkino, Mohamed Abdullahi Hassan Noah. Aho hari kur’uyu wa mungu.

Mohamed, yabwiye Ijwi rya Amerika ko iyo grenade yatewe ku mudoka yiwe igihe yari kw’isoko risanzwe riri I Mogadiscio, isoko rigenderwa n’abantu benshi. Ico gitero cakomerekeje uwo bari basanzwe bari kumwe, hamwe n’abandi babiri bari hafi y’aho cabereye. Umushikiranganji Mohamed we ntaco yabaye.

Gushik’ubu nta mugwi numwe uriyitirira ico gitero. Umushikiranganji ajejwe umutekano muri Somaliya, atuma urutoke umugwi al-Shabab, biturutse ko uwo mugwi ukunze gukora ibitero ku bategetsi b’aho muri Somaliya.

Mu kwezi kwa gatandatatu, igitero cabereye kw’ihoteri imwe mu mahoteri akomeye aho muri Somaliya, carakomerekeje umushikiranganji ajejwe intwaro, n’abandi batari bake bar’aho.

Ico gitero cabaye inyuma y’amasaha make ubutegetsi bwa Somaliya butangaje ko amatora y’umukuru w’igihugu azoba kw’itariki ya mirongo itatu, z’ukwezi kw’icumi uyu mwaka turimwo.

XS
SM
MD
LG