Uko wahagera

Kote d'Ivoire: Abasirikare 2 Bakatiwe Gufungwa Imyaka 10


Abasirikare babiri bo muri kote d’Ivoire barakatiwe igifungo c’imyaka cumi bagirizwa kugira uruhara mu gitero c’iterabwoba cakozwe n’umugwi w’iterabwoba wa al-Qaida m’ukwezi kwa gatatu kw’ihoteri ya Grand Bassam.

Sentare ya gisirikare y’I Abidjan yagiriza Zanga Zoumana Coulibaly na Brice Touré, kutaburira igipolisi kuko ngo bari babonanye n’umushoferi yitwa Sam yagirizwa ko ariwe yar’atwaye imodoka yaturikiyemwo ibombe yahitanye abashika 19.

Abo basirikare biregura bavuga ko batari bazi k’uwo Sam yari mu muhari w’iterabwoba wa al Qaida.

Kuv’aho ubwo bwicanyi bubereye, abantu barenga 80 baramaze guhagarikwa bagirizwa kugira uruhara mu bitero vyabereye muri Mali, Burkina Faso n’aho muri Kote d’ivoire mu mwaka uheze.

XS
SM
MD
LG