Uko wahagera

Brezil: Urumuri rwa Olempike Rwakiwe n'Imyiyerekano.


Umunyabrezile, Leonardo Espindola atwaye urumuri rwa Olempike ruri mu nzira ruja mu gisagara ca Rio de Janeiro
Umunyabrezile, Leonardo Espindola atwaye urumuri rwa Olempike ruri mu nzira ruja mu gisagara ca Rio de Janeiro

Igihe urumuri rwa Olempike rwashika mu gisagara ca Rio de Janerio, rwakiwe n’abantu bashavuye bari mu myiyerekano, kubera ibibazo vy’ubutunzi biri muri Brezil.

Urwo rumuri rwamaze umusi ruvuye mu gisagara ca Niteroi, rujanwa mu kibanza c’igisirikare kirwanira mu mazi ca Rio, aho rwaherejwe umukuru w’ico gisagara, Eduardo Paes.

Mu bice urwo rumuri rwaciyemwo, igipolisi categerejwe gukoresha imyuka ibabaza mu maso, kugira gishiwragize abari mu myiyerekano y’ukwiyamiriza inkino mpuzamakungu za Olempike zizokwugururwa icese, ejo ku musi wa gatanu, mu gisagara ca Rio de Janeiro.

Abari mu myiyerekano bashavujwe n’imiliyaridi 12 z’amadolari, yakoreshejwe mu kwakira izo nkino, mu gihe Brezil ibandanya kuba mu bibazo bikomeye cane vy’ubutunzi biri ku rugero rutari rwibonekeze mu kiringo c’imyaka itari mike.

Urumuri rwa Olempike ruzotera ruzocishwa mu gisagara ca Rio de Janeiro, mu kiringo c’imisi itatu yimirije. Urwo rumuri imbere yuko rushika mu kibuga ca Maracana gutanguza inkino mpuzamakungu za Olimpike.

XS
SM
MD
LG