Uko wahagera

Siriya: Aleppo Caratewemwo Ivyuka Vyica


Abakozi bakora mu mashirahamwe atanga imfashanyo muri Siriya batangaje ko hari kajugujugju yasutse ivyuka vyica mu gisagara ca Aleppo kiriko kiberamwo intambara kuwa kabiri.

Abantu bashika 30 bagwiriyemwo abakenyezi n’abana nibo bavugwa ko bamaze gusinzikazwa n’ivyo vyuka. Abo bakozi bavuga ko ivyo vyuka vyasutswe mu masaha yo mw’ijoro hafi y’ahakororewe iyindi kajugujugu y’Uburusiya k’umusi wa mbere.

Gushik’ubu ntibiramenyekana akarere ivyo vyuka bimaze gukwiragiramwo ingene kangana. Gushika kuwa kabiri yaba reta ya Siriya canke Abarusiya bariko bafashanya mu ntambara eka n'abayirwanya ntaco bari bwabivugeko.

Haraheze amezi arenga abiri mu gisagara ca Aleppo hariko habera intambara ikomeye. Abagenzura iyubahirizwa ry’agateka ka muntu bamenyesha ko abantu bagera ku bihumbi 6 bamaze gupfa canke gukomereka mu kiringo c’imisi 80 iheze.

XS
SM
MD
LG