Uko wahagera

Uruhagarara mu Gihugu ca Armaniya


Umugwi w’abantu bashika kuri 20, bitwajwe ibigwanisho bishikanye ku kirindiro c’abapolisi, ku mugwa mukuru Ervan mu gihugu c'Armaniya.

N’inyuma y’aho hari haheze indwi zibiri har’intureka zahitanye abapolisi babiri barapfa, zongera zikomeretsa abatari bake.

Ukutumvikana ngaho muri Armaniya kwatumye haba uruhagarara ku mugwa mukuru. Abantu ibihumbi n’ibihumbi bakaba bari basigaye bagira imyiyerekano, bari kumwe n’abo bitwaje ibigwanisho.

Umurongozi w’abo batavuga rumwe na Reta yabwiye abamenyeshamakuru ko bahisemwo guhagarika ugwo ruhagarara inyuma y’aho igipolisi cinjije imiduga iriko ibigwanisho mu nyubakwa barimwo. Ikindi ngo nuko igipolisi cari catanguye gutoteza bamwe mur’abo bari bafise ibigwanisho, mu kubarasa ku maguru no nu gatuza.

Abitwaje ibigwanisho bakaba bari barigaruriye izo nyubakwa kw’itariki ya 17 z’ukwezi kwa karindwi bashaka kubohoza umwe mu barongozi babo yari yafashwe mu kwezi kwa gatandatu.

XS
SM
MD
LG