Uko wahagera

Amerika Ifise Amakenga Kubibera muri Turukiya


John Kirby avugira ubushikiranganji bw'imigendaranire n'amakungu muri Amerika
John Kirby avugira ubushikiranganji bw'imigendaranire n'amakungu muri Amerika

Imigenderanire hagati ya Leta zunze ubumwe z’Amerika na Turukiya isa n’iyicumbagira kuv’aho abategetsi ba Turukiya batanguriye uruhigi rw’abagirizwa gushaka gusenyura ubutegetsi hamwe n’ababashigikiye bose.

Amerika yafatiwe hagati muyabira mugihe ubutegetsi bwa Turukiya buriko bukoresha igikenye kandi m’urundi ruhande ikavuga ko ishigikiye ubwo butegetsi nyene ivuga ko bwaciye muri demokarasi.

Amerika ibicishije k’umuvugizi wa deparotema ya reta y’Amerika John Kirby irabeshuza amakuru y’ibihuha ashikirizwa n’abategetsi ba Turukiya ko ariyo ir’inyuma y’uko gushaka gutembagaza ubutegetsi bwa Turukiya.

Amerika imenyesha ko ihangayikishijwe cane cane n’abasirikare b’aba jenerali bashika 150 barimwo abahora bakorana n’Amerika m’urugambwa rwo kurwanya iterabwoba bakuwe mu mirimo yabo.

Abandi bahangayikishijwe n’ibibera mur’ico gihugu n’Ishirahamwe rya Bulaya aho rigabisha Turukiya ko iyo nyifato ishobora gutuma kitemererwa kwinjira mur’uyo muryango mugihe camye kidahengeshanya kubisaba kuva mu mwaka w’2005.

XS
SM
MD
LG