Uko wahagera

Papa Faransisiko Muri Polonye


Abantu isinzi muri Polonye barindiriye Papa Faransisiko
Abantu isinzi muri Polonye barindiriye Papa Faransisiko

Papa Fransisiko, umwungere wa Ekleziya Katolika asaba igihugu ca Polonye kwakira impunzi ziza zikigana zihunga intambara n’ubuzima bugoye.

Yabishikirije kuwa kane m’urugendo rwa mbere arimwo mu gisagara ca Krakov muri Polonye aho yagiye kwitaba ibikorwa vyo guhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe urwaruka wama uhimbazwa na Ekleziya Katolika.

Mur’urwo rugendo yatanguye k’umusi wa gatatu akazorumaramwo imisi itanu, Papa Faransisiko aramaze kubonana n’abategetsi b’igihugu ca Polonye, abarongoye amashengero hamwe n’abamanyeshamakuru.

Ategekanya kandi kugendera ahahoze ikambi yakoranirijwemwo aba Nazi.
Polonye kivugwa ko kirimwo abayoboke b’idini rya Katolika baharurwa kuri 90 kw’ijana, ariko bose ngo ntibabigendera.

Urugendo rwiwe ruzorangira k’umusi w’Imana aho ategekanya guhimbaza inkuka y’imisa mur’ico gisagara ca Krakow imbere yuko atahuka.

XS
SM
MD
LG