Uko wahagera

USA: Perezida Obama Aravugira Hillary Clinton


Bitegekanijwe ko Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, abwira Abanyamerika igituma yibaza ko, Hillary Clinton, yotegerezwa kumusubirira igihe azorangiza amabanga yiwe. Ni mu kwezi kwa mbere mu mwaka uza.

Perezida Obama ariko arangiza imyaka umunani mu mabanga y’ukuyobora Amerika. Ari mu bantu bakomeye baza kuvuga uno musi ugira gatatu w’ikoraniro kaminuza ry’umugambwe w’Abademokarate.

Ku musi wa kabiri, intumwa z’uwo mugambwe zarahisemwo ku mugaragaro Hillary Clinton, guserukira umugambwe w’Abademokarate, mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu kwezi kw’icumi na rimwe muri uyu mwaka w’i 2016. Azoba abaye umupfasoni wa mbere aserukiye umugambwe ukomeye mu mateka ya Amerika.

Perezida Obama, amaze guseruka rimwe ari kumwe n’umukandida, Hillary Clinton, mu gikorwa ciwe c’ukwiyamamaza.

Afise imigambi yo kumara igihe kinini c’ukwezi kw’icumi agerageza gutuma abatora baja inyuma ya Hillary Clinton, mu ndwi z’imbere y’amatora yo kw’italiki umunani z’ukwezi kw’icumi na rimwe.

Mu mezi yiwe ya nyuma, mu mabanya ya perezida, Obama arazi neza akamaro k’iragi ryiwe. Arazi neza ko Hiullary Clinton, basangiye ivyiyumviro ku vyerekeye kurwanya iterabwoba, ku kibazo c’abimukira, amagara y’abantu, gukoroza inda, uburenganzira bw’abakundana n’abo basangiye ibitsina, n’ihindagurika ry’ibihe, yotuma myinshi mu migambi yiwe ibandanya.

Ivyo, mu gihe Donald Trump yameye gukuraho iyo migambi adatevye.

XS
SM
MD
LG