Uko wahagera

Umwihevyi Yahitanye Abantu 31 muri Siriya


Abantu mirongo itatu n’umwe bapfuye abandi batari bake barakomereka, mu gisagara ca Qamishli, mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Siriya.

Ivyo inyuma yuko amabombe aturikiye hafi y’urubibe n’igihugu ca Turikiya, uno musi ku wa gatatu.

Umumenyeshamakuru wa Serivisi y’Igikurude, kuri Radiyo Ijwi ry'Amerika, Zana Omar, ari mu bantu bakomeretse muri ivyo bitero. Abagize umuryango wiwe nabo nyene bakomeretse.

Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu rifise icicaro mu gihugu c’Ubwongereza, Syrian Observatory for Human Rights, ryatangaje ko imwe muri ayo mabombe yarondera inyubakwa ya Reta irimwo icicaro c’inzego zijejwe umutekano za Reta y’Abakurude. Aba bakurude nibo bagenzura akarere kari mu micungararo y’igisagara ca Qamishli.

Reta ya Kiyisilamu yariyitiriye igitero mu gisagara ca Qamishli, biciye mw’itangazo ryasohowe ku rubuga rw’itororokanirizo ry’amakuru ryayo, Aamaq, mu kuvuga ko wahiga inteko zijejwe umutekano z’Abakurude.

XS
SM
MD
LG