Uko wahagera

Santrafrika: Inteko za MINUSCA Zongewe Ikindi Kiringo


Inama ijejwe umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yaremeje ejo kuwa kabiri kwongereza ikiringo c’inteko za ONU za MINUSCA ziri muri Republika ya santrafrika gushika mu kwezi kwa cumi na kumwe umwaka w’2017.

N’inyuma y’aho igihugu c’Ubufaransa caheruka gutangaza ko kigiye gukura abasirikare baco mur’ico gihugu. ONU imenyesha ko ishigikiye kandi Faustin-Archange Touadera aheruka kugenwa ayo mabanga m’ukwezi kwa gatatu.

Abasirikare ba ONU bari muri santrafrika bashika ibihumbi cumi na kimwe, bajejwe gukingira abasivile, gucungera ivy’agateka ka muntu no gufasha kugira imfashanyo zishikire abanyagihugu.

Inama ya ONU ijejwe umutekano yamenyesheje mur’ico cemezo co kuwa kabiri ko ibijanye n’umutekano biriko biratera imbere ariko ko ico gihugu kikirangwamwo abarwanyi bakibandanga kugaba ibitero bibangamira umutekano.

XS
SM
MD
LG