Uko wahagera

USA: Inkongi y'Umuriro Muri Californiya


Ubushuhe burenze urugero bugaragara muri Amerika mur’iki gihe bwatumye umuriro utema ugatongora amashamba muri reta ya Californiya, mu burengero bw’Amerika.

Abajejwe kuzimya umuriro bashika ku bihumbi bitatu nibo bariko barafasha kuzimya uwo muriro wiyadukije mu mashamba mu buraruko bushira ubuseruko bw’igisagara ca Los Angeles.

Abategetsi bo mur’ako gace bamenyesha ko gushika kuwa kabiri ibice 25 kw’ijana vyari bimaze kuzimwa ariko ko hataragera ko abantu bashika ibihumbi 30 bahunze uwo muriro basubira mu ngo zabo.

Umuntu umwe niwe amaze kumenyekana ko amaze guhitanwa n’uyo muriro. Ahandi havugwa umuriro ni mu gisagara ca Carmel mu bumanuko bwa San Francisco, umuriro wasambuye amazu atari make.

XS
SM
MD
LG