Uko wahagera

Espanye: Umwana Yavukanye Umugera wa Zika


Ibitaro vyo kwibarukiramwo vya Vall d'Hebron i Barcelona muri Espanye ahavukiye umwana afise Zika
Ibitaro vyo kwibarukiramwo vya Vall d'Hebron i Barcelona muri Espanye ahavukiye umwana afise Zika

Abategetsi b’igihugu ca Espanye batangaza ko har’umukenyezi yibarutse umwana afise ubumuga bwo mu mutwe bufitaniye isano n’umugera wa Zika.

Abategetsi bamenyesha k’uwo mukenyezi yapimwe mu kwezi kwa gatanu basanga afise uyo mugera, aca ahitamwo kugumana uyo mwana.

Uwo mukenyezi yanduye Zika igihe yari m’urugendo muri Amerika yo mu bumanuko mu ntango z’uyu mwaka. Abaye umwana wa mbere k’umugabane wa Bulaya avukanye umugera wa Zika.

Mu gihugu ca Espanye cose havugwa ko abantu 190 aribo bamaze kwandura uyo mugera wa Zika.

XS
SM
MD
LG