Uko wahagera

Taban Deng Gai, Asubiriye Riek Machar


Perezida Salva Kiir yari yatanze ikiringo co gushika kur’uyu wagatandatu kugira Riek Machar abe yagarutse mu gihugu
Perezida Salva Kiir yari yatanze ikiringo co gushika kur’uyu wagatandatu kugira Riek Machar abe yagarutse mu gihugu

Intambara yadutse mu ndwi iheze, mu gihugu ca Sudani y’Ubumanuko, yatumye icegera c’Umukuru w’Igihugu, Riek Machar ahunga, ava mu gisagara ca Juba. Gushik’ubu akaba atawuzi irengero ryiwe.

Perezida Salva Kiir yari yatanze ikiringo co gushika kur’uyu wagatandatu kugira Machar abe yagarutse mu gihugu. Ariko Machar akaba atumviye iryo tegeko rya Perezida Kiir.

Umuvugizi w’umwe mu migwi y’abagwanyi akaba yatangaje ko vyagaragaye ko abatavuga rumwe na Reta bafise inguvu, avuga ko uwahora arumushikiranganji ajejwe ubutare n’agataka, Taban Deng Gai, asubiriye mu mabanga Machar, gushika Machar agarutse mu gihugu.

Ukutumvikana hagati ya Perezida Salva Kiir, n’icegera ciwe Riek Machar, kwadutse mu mwaka w’2013, inyuma y’aho Sudani y’Ubumanuko yikukiye, Perezida Kiir akagiriza Machar ko yashatse gutembagaza intwaro yiwe.

Iyo ntambara yahitanye abanyasudani y’Ubumanuko bashika ku bihumbi cumi. Yangaza abandi barenga imiliyoni zibiri, isiga igihugu mu bukene bwinshi.

Amasezerano yasinywe mu mwaka w’2015, yatumye iyo migwi yompi ishira ibigwanisho hasi. Mu kwezi kwa kane kw’uyu mwaka, barashize hamwe bagira Reta imwe. Perezida Kiir n’Icegera ciwe Riek Machar basabwa gushira hamwe imigwi yabo y’abagwanyi, bakagira igisirikare kimwe.

XS
SM
MD
LG