Uko wahagera

Ibihe Bidasanzwe Bigiye Kubandanya mu Bufransa


Igisilikare cy'Ubufransa
Igisilikare cy'Ubufransa

Inyuma y’igitero cagizwe mu gisagara ca Nice, mu gihugu c’Ubufransa, mu ndwi iheze, bitegekanijwe kw’inama shingamateka y’Ubufransa yongereza ikiringo c’amategeko yo mu bihe bidasanzwe. Ayo mategeko yongereza ububasha bw’abapolisi, batabanje kubihererwa uruhusha n’abacamanza.

Perezida w’Ubufransa, Francois Hollande, yatangaje imbere y’impari mu nama nshingamateka, ku muhingamo w’uno wa kabiri, kw’ategerezwa kwongereza amezi atatu ikiringo c’amategeko yo mu bihe bidasanzwe. Vyari bitegekanijwe kw’ico kiringo kirangira kw’italiki 26 z’ukwezi kw’indwi. Ariko, Perezida Hollande, avuga ko yiteguriye kwongereza ico kiringo amezi atandatu.

Ubufransa bwashizeho amategeko yo mu bihe bidasanzwe, inyuma y’ibitero vyo kw’italiki 13 z’ukwezi kw’icumi na rimwe, mu mwaka w’i 2015, vyagizwe n’abarwanyi ba Reta ya Kiyislamu, vyahitanye abantu ijana na mirongo itatu i Paris, abandi batari bake barakomereka.

XS
SM
MD
LG