Uko wahagera

Turukiya: Ntibizwi Uwufise mu Minwe Igihugu


Abanyagihugu bahagaze ku biduga vya gisirikare.
Abanyagihugu bahagaze ku biduga vya gisirikare.

Igisirikare ca Turukiya kimenyesha ko catembagaje ubutegetsi kandi kigenzura igihugu cose mu ntumbero yo gukingira demokarasi no kwubahiriza agateka kazina muntu.

Ibibuga vy’indege vyugawe, indege zahagaritswe ndetse n’ugukoresha internet vyahagaritswe.

Ariko gushik’ubu ntibizwi uwufise mu minwe ubutegetsi.

Umukuru w’igihugu, Erdogan mw’ijambo yashikirije abanyagihugu avuga ko abasirikare benshi bahagaritswe, avuga kandi ko reta iri ku murimo, amenyesha kandi ko atiteze guhunga.

Erdogan yise abari kw’isonga ryo gutembagaza ubutegetsi ko ar’akagwi gato kandi ko ataco kazoshikako bakanazovyishura.

Umushikiranganji wa mbere wa Turukita Binali Yildirim, mu butumwa yashikirije kuri televiziyo ikorera mur’ico gihugu yavuze ko reta yiwe ikiriko irarangura amabanga.

Perezida Obama w'Amerika na sekreteri wa reta John Kerry bamenyesha ko impande zose muri Turukiya zikwiye kwirinda ntihagire amaraso aseseka kandi basaba ko reta yatowe mu buryo bwa demokarasi yosubira k’ubutegetsi.

XS
SM
MD
LG