Uko wahagera

Ubufaransa: Igitero c'Iterabwoba Cahitanye Abashika 80


M'Ubufaransa, mu gisagara ca Nice, imodoka yo mubwoko bw’ikamyo yariraye mu banyagihugu bari mu birori vyo guhimbaza umusi wo kwikukira yica abashika 80 ikomeretsa abashika 100 kuwa kane.

Ibinyamakuru vyo mu bufaransa bitangaza ko umudereva w’iyo kamyo yar’afise ibimuranga vyerekana ko afise ubwenegihugu bw’Ubufaransa na Tuniziya kandi yar’afise imyaka 31.

Igipolisi cashoboye kwica uwo mudereva kandi kiriko kigira amatohoza ko hoba har’abandi bakoranye.

Abar’aho igihe vyaba bamenyesha ko mugihe iyo kamyo yariko yirara mur’abo banyagihugu, uwo mudereva we yariko ararasa. Abategetsi bamenyesha ko iyo kamyo yari yuzuyemwo amagerenade.

Umukuru w’igihugu c’Ubufaransa Francois Hollande, yatangaje ko akoranya inama y’umutekano kur’uyu wa gatanu.

Nayo abategetsi bo kw’isi batanguye kugira ico babivuzeko, Perezida Obama w’Amerika yateye ivyatsi ubwo bwicanyi, avuga ko biboneka ko ar’igitero c’iterabwoba.

Hillary Clinton wo mu mugambwe w’abademokrate ariko ahiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu avuga ko ico gitero camurwaje umutima, nawe Donald Trump k’urundi ruhande rw’aba republika ati, "Birababaje cane".

Amerika iriko iratohoza ko har’umunyagihugu wayo yoba yahasize ubuzima.

XS
SM
MD
LG