Uko wahagera

Amerika: Abirabure n'Abazungu Ntibabanye Neza


Perezida wa Amerika, Barack Obama pmu birori vy'ukwibuka abapolisi batanu barashwe mu gitero mu gisagara ca Dallas, muri Texas, kw'italiki 12, ukwezi kw'indwi, umwaka w'i 2016
Perezida wa Amerika, Barack Obama pmu birori vy'ukwibuka abapolisi batanu barashwe mu gitero mu gisagara ca Dallas, muri Texas, kw'italiki 12, ukwezi kw'indwi, umwaka w'i 2016

Ibiherutse gutohozwa n’ibinyamakuru, “CBS News” na, “The New York Times” migenderanire hagati y’abirabure n’abazungu muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, vyerekana kw’ibintu vyifashe nabi cane.

Ku bw’iherutse gutohozwa iyo migenderanire yagabanutse gushika ku rugero ruri hasi cane, mu buryo bitari bwibonekeze kuva amu mwaka w’i 1992, igihe imigumuko yaduka mu gisagara ca Los Angeles, inyuma yuko abapolisi batari bake bari bafashwe amasanamu bariko bakubita umwirabure w’umunyamerika, Rodney King, bambitswe izera.

Ibice mirongo itandatu n’icenda kw’ijana vy’Abanyamerika babona nabi imigenderanire hagati y’abirabure n’abazungu. Ibice mirongo ibiri kw’ijana vy’ababajijwe bavuga ko imigenderanire muri rusangi ari myiza muri iki gihe.

Ibiharuro bikaba vyamanutse amanuta cumi, umuntu abigereranaije n’uko ibintu vyari bimeze haraheze umwaka.

Ivyavuye mw’itohoza riherutse kugirwa biratanduikanye n’ivyo perezida Obama aherutse gutangaza, kw’ibintu bitifashe nabi cane nkuko abantu bavyibaza.

Ibintu vyatanguye kugenda bimera nabi kurushiriza, mu mwaka w’i 2014, inyuma y’ubwicanyi bwakozwe n’igipolisi ku birabure, nk’iraswa rya, Michael Brown, mu gisagara, Freguson, muri Reta ya Missouri.

XS
SM
MD
LG