Uko wahagera

Umwaka Urarangiye Amasezerano na Irani Ashitsweko


Irani kw'ikarata
Irani kw'ikarata

Haheze umwaka abaserukira igihugu ca Irani, n’abaserukira umurwi w’ibihugu bitandatu bikomeye vyo kw’isi, bashitse ku masezerano agabandanya umugambi werekeye ubuhinga bwa nucleiare wa Irani, mu gihe ibihano bikomeye mu vy’ubutunzi ico gihugu cari cafatiwe vyakuweho.

Muri iki ngihe ayo masezerano ariko arashirwa mu bikorwa. Yamara haracari ukwinubana kw’izo mpande zishobora kutubahiriza ivyo ziyemeje vyose.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire war Reta Zunze Ubumwe za Amerika, John Kerry, yatangaje ko bakeneye kubandanya bakora kugira amasezeranao bashitseko yubahirizwe neza.

Avuga ko bategerezwa gushobora kutorera inyishu ibibazo ivyarivyo vyose bishobora kwaduka.

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, yavuze kw’amasezerano yashitsweko ari intambwe ikomeye cane. Atangaza ko ayo masezerano yigijeyo ikiringo kuri Irani, ku bijanye n’ugukora ibirwanihso ruhonyanganda.

Umushikiranganaji ajejwe imigenderanire w’wumuryango w’ubumwe bw’Ubulayi, Federic Mogherini, yarahayagije amasezerano yashitsweko n’igihugu ca Irani.

Umushikiranganaji w’igihuguv ca Irani, Mohammad Javad Zarif, yavuze ko naho ayo masezerano atabuze akanenge, kw’ari intambwe ikomeye cane, izoba ishingiro ry’imigenderanire mishasha n’amakungu.

XS
SM
MD
LG