Uko wahagera

USA: Bernie Sanders Yashigikiye Hillary Clinton


Umukandida w’Umudemokarate, Hillary Clinton ariko ariyamamaza uno musi ku wa kabiri na Senateri wa Reta ya Vermont, Bernie Sanders. Bombi bahiganywe bikomeye cane ku vyerekeye kugenwa guserukira umugambwe w’Abademokarate mu matora azoba mu kwezi kw’icumi na rimwe muri Reta zunze Ubumwe za Amerika.

Igikorwa c’ukwiyamamaza kiriko kibera muri Reta ya New Hampshire kibaye indwi imwe inyuma yuko Hillary Clinton yakiye uwundi muntu akomeye cane mu gikorwa c’ukwiyamamaza. Uyi ni Perezida Barack Obama yaseruka ari kumwe nawe muri Reta ya Karolina yo mu buraruko.

Hillary Clinton na Bernie Sanders bashikirije hamwe itangazo rimenyesha ko igikorwa c’ukwiyamamaza c’uno musi ku wa kabiri gishimikira ku vyerekeye kwubaka igihugu ca Amerika gikomeye kurushiriza n’ubutunzi bukorera bose, ah’ugukorera abantu bari ku rushi.

Hillary Clinton azogenwa icese guserukira umugambwe w’Abademokarate mu mpera z’uku kwezi mw’ikoraniro rikuru ry’uwo mugambwe.

Umurepublika, Donald Trump niwe azogenwa icese ubwa mbere n’umugambwe wiwe igihe Abarepublika bazogirisha ikoraniro ryabo rikuru mu ndwi iza.iryo koraniro rizobera mu gisagara ca Cleveland mu reta ya Ohio.

XS
SM
MD
LG