Uko wahagera

USA: Abantu 3 Bararashwe muri Michigan


Umukuru ajejwe umutekano mu gisagara ca Saint Joseph muri Michigan, Paul Bailey ariko atanga ikiganiro ku banyamakuru.
Umukuru ajejwe umutekano mu gisagara ca Saint Joseph muri Michigan, Paul Bailey ariko atanga ikiganiro ku banyamakuru.

Abantu batatu barishwe barashwe muri sentare y’ubutungane yo mu gisagara ca Saint Joseph, kiri mu buraruko bwa reta ya Michigani muri Amerika.

Ivyo vyabaye kuwa mbere italiki 11 z'ukwezi kwa ndwi, inyuma yaho imbohe yariko yimurirwa mu kindi cumba c’ibohero yamburiye inkoho icegera c’uwujejwe gucungera umutekano mur’ako karere ica itangura kurasa abar’aho.

Abategetsi bamenyesha ko babiri mur’abo bishwe bari abakozi bo mur’iyo sentare, uwugira gatatu yari iyo mbohe kuko abapolisi baciye nawe bamwica.

Abasivile batari bake barakomeretse ariko bidakomeye nkuko bishikirizwa n’abategetsi b’igipolisi mur’ico gisagara.

Amatohozwa kur’ubwo bwicanyi yaciye atangura.

XS
SM
MD
LG