Uko wahagera

Iraki: Umushikiranganji Mohammed Ghabban Yatanze Imihoho


Umushikiranganji w'intwaro yo hagati wa Iraki, Mohammed Salem al-Ghabban.
Umushikiranganji w'intwaro yo hagati wa Iraki, Mohammed Salem al-Ghabban.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ca Iraki yaratanze imihoho mur’ayo mabanga kuwa kabiri.

Mohammed Ghabban, yabaye arashikiriza ayo mabanga icegera ciwe mu kurindira ko umushikiranganji wa mbere, Haider al-Abadi yemeza iryo tanga ry’imihoho.

Mohammed Ghabban atanze imihoho inyuma y’aho abanyagihugu bagaragarije agashavu kuva kuw’Imana igihe haba igitero c’abihevyi cahitanye abashika 250.

Abatabara baracarondera abo borokora mu bibomoke ahabereye ico gitero mu gace ka Karrada, i Baghdad. Umuhari wa reta ya Kiyisilamu waremanze ko ariwo wagavye ico gitero, m’ukuvuga ko warondera abayisilamu bo mu bwoko bw’aba Shiite.

Iki gitero cabaye mugihe harangiye ukwezi kw’amafungo y’abayisilamu, igihe intumwa ya ONU muri Iraki, Jan Kubis avuga ko afise ubwoba ko hashobora kuba ibindi bitero.

XS
SM
MD
LG