Uko wahagera

Euro 2016: Inkino za Kimwe ca Kabiri Ziratangura ku wa gatatu


Ikimenyetso c'gikombe c'ibihugu vy'i Bulaya c'uyu mwaka w'i 2016
Ikimenyetso c'gikombe c'ibihugu vy'i Bulaya c'uyu mwaka w'i 2016

Inkino za kimwe ca kabiri c’irangira ry’ihiganwa ry’igikombe c’imirwi nserukiragihugu yo mu karere k’i Bulaya zizoba, ku musi wa gatatu, no ku musi wa kane mu gihugu c’Ubufransa.

Mu rukino ruzoba ku musi wa gatatu, Pays de Galles, izohura na Portugal, mu gisagara ca Lyon.

Buzoba bubaye ubwa mbere mu mateka, Pays de Gallles, ishika muri kimwe ca kabiri c’irangira ry’ihiganwa rikomeye. Ubwa nyuma ico gihugu caheruka kuja mw’ihiganwa rikomeye hari mu gikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru mu mwaka w’i 1958.

Pays de Galles, yashitse muri kimwe ca kabiri c’irangira ry’igikombe c’ibihugu vy’i Bulaya mu gutsinda Ububiligi ibitsindo bitatu kuri kimwe, muri kimwe ca kane.

Portugal yatsinze Polonye mu mapenalti. Ni inyuma yuko iyo mirwi irangije inganya igitsindo ku kindi, mu kiringo c’iminota mirongo icenda yahariwe mu bisanzwe urukino rw’umupira w’amaguru, n’iminuta mirongo itatu y’inyuma yaho.

Mu nkino za kimwe ca kabiri c’irangira ry’igikombe c’ibihugu vy’i Bulaya zizoba ku musi wa kane, Ubufransa buzohura n’Ubudagi.

XS
SM
MD
LG