Uko wahagera

Somaliya: Abana 2 Baguye Mu Gitero


Abarwanyi ba Al Shabab muri Somaliya
Abarwanyi ba Al Shabab muri Somaliya

Abategetsi ba Somaliya bamenyesha ko abana babiri nibo baguye mu gitero cagabwe n’abarwanyi ba Al-Shabab, cabereye m’ubumanuko bw’igisagara ca Baidoa, kiri ku birometero 245 uva ku murwa mukuru Mogadishu, kuwa gatandatu. Abandi 19 barakomeretse.

Umumenyesh’amakuru w’Ijwi rya Amerika, Mukhtar Attosh, avuga ko ico gitero cabereye hafi y’ahari ibirindiro vy’abasirikare, bikaba vyari bigamije gutera n’ibiro vya reta mur’ako karere.

Ico gitero kiri mu bitero bikomeye umuhari wa Al-Shabab umaze kugira kur’ico gisagara. Al-Shabab imaze kugira ibitero bitari bike, irondera gutera ikirimba c’umukuru w’Igihugu, ariko ivyo bimbombe bikagwa mu banyagihugu.

Ibiro vy’umukuru w’Igihugu vyatangaje ko Reta yafashe ingingo yo kwitegurira gutera bikomeye umuhari Al-Shabab, ariko ntibavuze ryari ivyo bitero bizotangura.

Intumbero y’ivyo bitero akazoba ar’ukubohoza ibisagara vya Jilib, Bulogudud, n’ibindi al-Shabab isanzwe yarigaruriye, biri hafi y’uruzi Jubba.

Imbere yuko iryo tangazo ry’ibiro vya Reta risohoka, umuhari Al-Shabab wari wigaruriye igisagara ca Rabdhure, kiri mu ntara ya Bakool, inyuma y’aho igisirikare ca Somaliya, n’ica Etiyopiya bivanyweho ata nsiguro itanzwe.

XS
SM
MD
LG