Uko wahagera

Somaliya: Perezida Hassan Asaba Al-Shabab Guhagarika Ibitero


Perezida wa Somalia Hassan Sheikh Mohamud
Perezida wa Somalia Hassan Sheikh Mohamud

Umukuru w’Igihugu ca Somaliya, Hassan Sheikh Mohamud, yateye akamo abarwanyi b’umuhari w’iterabwoba wa Al-Shabab, ngo bahagarike ibitero vy’ubwihevyi bamaze imisi bakora.

Ni mw’ijambo yashikirije abanyagihugu kuwa gatanu, aho ico bihugu cahimbaza imyaka 56 iheze cikukiye.

Yasavye kandi abarongoye imigwi y’abihevyi guhagarika ibitero bamaze iminsi bakora, no kwiyumvira ku buzima bw’abantu badurumbanya, ataco bazira.

Hassan, yavuze ko naho Al-Shabab uheruka gutera ihoteri, mu gisagara ca Mogadishu hagapfa abashika kuri 15, igisirikare ca Somaliya, gifatikanije n’abasirikare b’Ubumwe bw'Afrika, baratesheje bimwe biboneka abagwanyi ba Al-Shabab.

Yavuze kandi ko ata nkeka abanyagihugu ba Somaliya bazoruhira gutsinda urwo rugamba.

Hassan, yaragarutse kandi ku gikorwa Reta yiwe iriko irakora mu gutsimbataza igisirikare ca Somaliya, igikorwa kitoroshe, kimaze imyaka itari mike kiraj’ishinga abategetsi ba Somaliya.

Yibukije kandi ko igisirikare c’Ubumwe bwa Afrika, cafashije ama Reta atandukanye ya Somaliya, mu kiringo c’imyaka igera hafi kuri cumi.

Prezida Hassan yatangaje kandi ko Somaliya izotunganya amatora uyu mwaka, hakazoca hashirwaho Inama nshingamateka nshasha.

XS
SM
MD
LG