Uko wahagera

Polisi Yibasiye Itangazamakuru muri Zambiya


Igipolisi ca Zambiya cahagaritse bamwe mu barongozi b’ikimenyeshamakuru The Post, harimwo n’umukenyezi umwe.

Nkuko bivugwa na bagenzi babo, abo bamenyesha makuru babanje gukubagugwa no gukubitwa. Bituye igipolisi gisanzwe gicungera inyubakwa bakoreramwo, ariko itegeko ryo kubahagarika ryavuye hejuru.

Abo bamenyesha makuru baregwa kuba binjiye mu rupangu ataruhusha babifitiye, no kuba bari bafise impapuro z’ububeshi, zijanye n’ivy’amakoli. Ugwandiko gwo kubahagarika rukaba gwavuye muri Sentare ijejwe ivy’amakoli.

Joseph Mwenda, umwe mu bamenyesh’amakuru ba The Post, yavuze ko iryo hagarikwa rifise isano n’ivya politike. Yasiguye ko ico kimenyeshamakuru gisanzwe kinegura bimwe mu bikorwa vy’umukuru w’Igihugu Edgar Lungu, n’umugambwe uri ku butegetsi. Ivyo uwo mutegetsi arabihakana.

Imigambwe itavuga rumwe na Reta, hamwe n’ibimenyeshamakuru vyigenga, bivuga ko Lungu, na Reta yiwe, bakoresha amategeko kugira batoteze abo batavuga rumwe. Harimwo n’ibimenyeshamakuru.

Umuvugizi w’igipolisi muri Zambiya yabwiye Ibiro ntaramakuru Reuters ko abamenyeshakuru bari bafashwe, bazorekuwe. Cyokora, yongeyeho ko bazorenguka imbere y’ubutungane mu ndwi iza, kwishura ku bibazo baregwa.

XS
SM
MD
LG