Uko wahagera

Kuki Amasoko y'Imitahe kw'Isi Yatakaje Agaciro?


Amasoko y’iimitahe kw’isi yataye agaciro bikomeye, ibiciro vy’ibitoro vyagabanutse, mu gihe agaciro k’ifranga ry’Ubwongereza kagabanutse bimwe bikomeye, mu biatri bwabe mu kiringo c’imyaka mirongo itatu.

Ivyo vyabaye inyuma y’ingingo y’igihugu c’Ubwongereza y’ukuva mu muryango w’ubumwe bw’Ubulayi. Abanyamitahe bafise impungenge barondeye uburyo bwiza bw’ugukingira agaciro k’amafranga yabo. Ibiciro vy’inzahabu bikaba vyaduze.

Amasoko y’imitahe akomakomeye yo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika yatakaje agaciro bikomeye, igihe imirimo y’ubudandaji bw’imitahe yatangura uno musi ku wa gatanu. Amasoko y’imitahe mu karere k’Ubuyali nayo nyene yatakaje agaciro.

Mu karere ka Asiya, amasoko y’imitahe yatakaje imiliyaridi amajana indwi y’amadolari uno musi ku wa gatanu.

Abitegereza ibintu bavuga ko ingingo y’Ubwongereza y’ukuva mu muryango w’ubumwe bw’Ubulayi izogeramira ubutunzi bw’ico gihugu.

Umuyobozi w’ikigega mpuzamakungu, FMI, Christine Lagarde yasavye Ubwongereza n’Ubulayi gukorera hamwe kugira vyorohereze imigenderanire mishasha yerekeye ubutunzi hagati y’izo mpande zibiri.

Gushika ubu, bisa nuko ifranga ry’Ubwongereza bita, pound, ariryo ryageramiwe kurushiriza n’ingingo y’ukuva mu muryango w’ubumwe bw’Ubulayi. Ivyo bizotuma ibidandazwa Ubwongereza bugurira hanze bizimba kurushiriza.

Yamara ibidandazwa Ubwongereza buhingura bizozimbuka kurushiriza. Ivyo bizokworohera ico gihugu kugurisha ibidandazwa vyaco ku masoko mpuzamakungu, mu bishobora kuzofasha ibidandazwa gishorera hamwe.

XS
SM
MD
LG