Uko wahagera

Kolombiya: Amasezerano y'Amahoro Yasinywe


Perezida wa Kolombiya, Juan Manuel Santos, ibubamfu, n'umukuru w'umuhari urwanya reta FARC, Timoleon Jimenez, mu buryo.
Perezida wa Kolombiya, Juan Manuel Santos, ibubamfu, n'umukuru w'umuhari urwanya reta FARC, Timoleon Jimenez, mu buryo.

Reta ya Kolombiya n’umuhari uyirwanya FARC barateye umukono ku masezerano agamije guhagarika intambara no kwaka ibirwanisho abarwanyi.

Ayo masezerano agiye gutuma intambara yar’imaze imyaka 50 mur’ico gihugu ihagarara.

Parezida wa Kolombiya Juan Manuel Santos, hamwe na Timoleon Jimenez arongoye umugambwe FARC basinye ayo masezerano ejo kuwa kane ku murwa mukuru La Havane wa Cuba.

Perezida wa Cuba Raul Castro n’umushikiranganji wa mbere wa Norveje Borge Brende, ibihugu vyafashije mu biganiro niho bari.

Hari kandi n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki-moon n’intumwa idasanzwe y’Amerika muri Kolombiya Bernard Aronson.

Sekreteri wa reta wa Leta zunze ubumwe z’Amerika John Kerry, k’umusi wa gatatu yarashikirije ijambo aho yavuze ko yakiranye igishika iyo nkuru nziza kubanyakolombiya no kur’uwo wese yipfuza amahoro.

Kerry yamenyesheje ko Amerika yafashije mu twigoro two gutsimbataza demokarasi n’umutekano mur’ico gihugu kandi amenyesha ko ivyo bizobandanya kugeza aho ayo masezerano ashigwa mungiro yose.

XS
SM
MD
LG